Trump ari i Vaticano kubonana na Papa Francis

Prezida Trump na Papa Francis bafise vyinshi batumvikanako Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Trump na Papa Francis bafise vyinshi batumvikanako

Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yabonanye na Papa Francis i Vaticano mu rugendo rwa mbere yagize mu makungu.

Yagiye muri uwo mubonano ari kumwe n'umutambukanyi wiwe Melania, umukobwa wiwe Ivanka, hamwe n'umukwe wiwe Jared Kushner.

Iyo nama yari yitezwe mu gihe abo bagabo ukwo ari babiri bari bamaze kuvugana batumvikana ku bijanye n'abimukira, hamwe no ku kibazo c'ihindagurika ry'ibihe.

Bwana Trump ategekanya kubonana handi hato n'umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano, munyuma aje mu nama ya Otan i Buruseli mu Bubiligi.

Mu rugendo yaherukamwo muri Israeli, yiyemeje gufasha abanya Israeli hamwe n'abanya Palestina gushika ku mahoro.

Umukuru w'igihugu ca Amerika yatanguye urugendo mu mpera z'indwi iheze, aho yahagaze iminsi ibiri muri Arabie Séoudite, asaba ibihugu vy'aba Islamu gufata iya mbere mu kugwanya intagondwa.