Ibiganiro vyo guheza ingwano muri Myanmar vyatanguye

Abantu ba Rohingya ni inkehwa z'aba Islamu baba i Myanmar
Image caption Abantu ba Rohingya ni inkehwa z'aba Islamu baba i Myanmar

Ibiganiro vyo kugarukana amahoro muri Myanmar bifise intego yo kurangiza ingwano imaze imyaka irenga 50 vyatanguye uno munsi muri Myanmar.

Amajana y'intumwa ziserukira inkehwa zo muri ico gihugu zikoraniye ku mugwa mukuru, Naypyitaw, aho zivugana na leta hamwe n'igisirikare c'igihugu.

Umukuru w'igihugu ca Myanmar, Aung San Suu Kyi, yashize ku rutonde rw'ivyihutigwa, ugutunganya ubwa mbere amasezerano y'amahoro mu gihugu.

Ariko kuva aho ashikiye ku butegetsi, ingwano yariyongeye.

Benshi mu migwi yakumiwe, bipfuza ukwishira n'ukwizana hamwe n'ugusangizwa ku mutungo uva mu butaka-ivyo vyose igisirikare ca Burma kikaba carabihakanye.

Umugwi ukomeye w'inyeshamba - "Northern Alliance - uri muri ivyo biganiro, Ubushinwa bwafashijemwo kugondoza ubutegetsi.