Igisirikare nico kigenzura vy'agateganyo Mindanao muri Philippine

Inteko z'umutekano nizo zigenzura amabarabara ya Mindanao kuva aho itegeko riha inguvu igisirikare ku butegetsi rifatiwe Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Inteko z'umutekano nizo zigenzura amabarabara ya Mindanao kuva aho itegeko riha inguvu igisirikare ku butegetsi rifatiwe

Prezida wa Philippine Rodrigo Duterte yavuze ko itegeko rituma igisirikare gisubirira vy'agateganyo ubutegetsi ("martial law") kw'izinga rya Mindanao rishobora kumara umwaka, igisirikare kigwanya abagwanyi b'aba Islamu.

Ubwicanyi buri mu bumanuko bw'iryo zinga, bumaze gutuma abapolisi batatu bicwa, niko ubutegetsi buvuga.

Bwana Duterte yavuze kare ko hashinzwe amategeko yo mu bihe bidasanzwe, igisirikare kigafata ibintu mu minwe ku kiringo c'iminsi 60 i Mindanao, aho imigwi y'inyeshamba z'aba Islamu yipfuza kwishira ikizana.

Imwe muri iyo migwi nka Maute, imaze kumenyesha ko iri kumwe na Leta y'iki Islamu, "Islamic State" (IS).

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Duterte yari mu rugendo kubonana na Vladimir yaciye aruhagarika

Amaze gutangaza ivy'ayo mategeko yo mu bihe bidasanzwe ku munsi wa kabiri, Prezida Duterte, avuka muri Mindanao, yagabishije ko azokara cane agwanya iterabwoba.

"Ni vyafata umwaka mu kubikora, tuzobikora uko. Ni vyafata ukwezi, bizonezereza," niko yavuze mu mashusho ya video yashizwe ku mbuga hwaniro na leta.

Igihe yari i Moscou kubonana na Prezida Vladimir Putin, yavuze ko Philippine ikeneye ibigwanisho vya none mu kugwanya IS canke iyindi migwi y'intagondwa.