Abapolisi cenda bishwe mu bitero bitandukanye muri Kenya hafi ya Somalia

Inteko z'umutekano i Garissa aho abantu 147 bishwe mu mwaka wi 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Inteko z'umutekano i Garissa aho abantu 147 bishwe mu mwaka wi 2015

Abapolisi cenda bishwe mu bitero bibiri bitandukanye muri Kenya, i Mandera no mu karere ka Dadaab hafi y'umupaka wa Somalia, umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab ukaba wemanze ivyo bitero.

Abapolisi batanu biciwe mu ntara ya Mandera mu buraruko bwa Kenya, ku mupaka wa Somalia na Kenya, abo bapolisi ngo bakaba bari baherekeje bulamatari w'iyo ntara mu masaha yo ku mugoroba.

Mu kindi gitero cabaye mu mutwenzi, abapolisi bane bapfuye, abandi bane barakomereka mu gitero cagabwe ahitwa Liboi mu ntara ya Dadaab hafi y'umupaka wa Kenya na Somalia.

Abajejwe umutekano bavuga ko imodoka yaritwaye abapolisi, yaciye ku ki bombe cari catezwe mu kuzimu.

Amakuru aturuka mu bigo bitandukanye vy'itangazamakuru ryo muri Kenya, avuga ko abo bapolisi bariko baragenzura umutekano mu karere ka Kulan, igihe iyo modoka yaca kuri ico gisasu.

Abapolisi bakomeretse barimwo umwe aremvye baciye bajanwa i Nairobi kuvurigwayo.

Icegera c'umukuru w'igihugu, William Ruto, yarungitse ubutumwa kuri Twitter avuga ati: "Abaguye mu gitero ca Liboi mu ntara ya Garissa bari mu vyiyumviro vyanje. Birakwiye ko twubaka uruhome ku mupaka".

Ubutegetsi bwa Kenya bwafashe iciyumviro co kwubaka uruhome ku mupaka wa Kenya na Somalia, inyuma yaho hagabiwe igitero kw'ishule kaminuza rya Garissa mu buseruko bushira uburaruko bw'igihugu, abantu 147 bakahasiga ubuzima.