Man Utd ivuga ko yaciwe inkokora n'ubwicanyi bwa Manchester Arena

Abakinyi ba Manchester United basuzuma ikibuga ca Friends Arena ku munsi wa kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Abakinyi ba Manchester United basuzuma ikibuga ca Friends Arena ku munsi wa kabiri

Abakunzi ba Manchester United hamwe n'abawurongoye bavuze kuri uno wa gatatu, ko urukino rwa Europa League bahuramwo na Ajax ruza ubwa kabiri ku "bubabare n'umubabaro" biri mu gisagara inyuma y'igitero co kuri Manchester Arena co ku munsi wa mbere.

Iterabwoba ryo mu Bwongereza risa n'iryashitse kw'isonga inyuma y'igitero ca bombe cishe abantu 22.

"Nibaza ko ivyashitse vyotuma abantu baraba kure," niko icegera c'uwugaba umugwi wa United, Ed Woodward, yavuze.

"Amajambo gusa ntashobora kudutunganiriza uravye ingene twiyumva. Twakongataye."

Bitegekanywa ko hatangwa umunota wo kwibuka abasezeye isi imbere y'urukino rubera Stockholm, imigwi yose ikaza kwambara ibitambara vyirabura ku maboko.

"Intsinzi y'uno munsi mw'ijoro ntitwoyigereranya n'ububabare hamwe n'umubabaro twasize i muhira," niko Woodward yabwiye MUTV.