Papa Francis na Prezida Trump biyemeje gukomeza amahoro kw'isi

Prezida Trump na Papa Francis bahanye utuganuke Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Trump na Papa Francis bahanye utuganuke

Igihugu ca Vaticano cavuze ko umubonano wa Prezida wa Amerika Donald Trump na Papa Francis warushingiye ku "guhererekana ivyiyumviro" ku bibazo mpuzamakungu bitandukanye birimwo ugukomeza amahoro kw'isi.

Vaticano yavuze ko biyemeje kwubahiriza "ubuzima, umwidegemvyo ku bijanye no gusenga n'ukwiyumvira" bumvikana ko bazokorera abanyagihugu mu bisata vy'amagara, indero hamwe n'ugufasha abimukira".

Ku bibazo mpuzamakungu, abo bategetsi bumvikanye "gutsimbataza amahoro biciye mu biganiro vya politike no mu biganiro bihuza amadini atandukanye", bumvikana ingene inkehwa z'abakristu ziri mu bihugu vyo mu buseruko bwa hagati bokingigwa.

Inyuma yiyo nama, bahanye utuganuke, Trump aha Papa igikarato kirimwo ivyegeranyo vya Martin Luther King ku mateka ya kiremwa muntu.

Papa yahaye Trump ijambo yavuze ku munsi wahariwe amahoro kw'isi "World Peace Day" hamwe n'ivyo yanditse ku bijanye no gukingira ibidukikije.

Yamuhaye n'igishusho c'igiti ca "olive" amusaba ko "yoba igiti ca "olive" cubaka amahoro".

Bwana Trump yishuye avuga: "Dushobora kurondera amahoro." Yongera yemera ko azosoma ivyegeranyo Papa yamuhaye.

Muri kahise abo bagabo babiri ntibumvikana ku bibazo vy'abimukira, ihindagurika ry'ibihe no ku kibazo c'uruhome hagati ya Mexique na Amerika.

Bwana Trump yabonanye kandi na Prezida w'Ubutaliyano hamwe n'umushikiranganji wa mbere igihe yari i Roma.

Munyuma yaciye aja i Buruseli aho yari yitavye inama ya Otan, ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya na Amerika mu vya gisirikare.

Yashitse i Buraya yaramaze iminsi mu bihugu vy'abarabu vyo mu karere ko mu buseruko bwa hagati.