UE na Amerika bipfuza kuguma bagenzura isi

Bwana Tusk wa UE (i bubamfu) ategekanya kwumvisha Bwana Trump ku gufashanya kurusha hagati ya Amerika na UE Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Tusk wa UE (i bubamfu) ategekanya kwumvisha Bwana Trump ku gufashanya kurusha hagati ya Amerika na UE

Umuryango w'Ubumwa bwa Buraya "Union Européenne" (UE) wasavye Amerika gukorana mu mwidegemvyo, no kwumvikana ku kungene iyo migwi ibiri yoguma igenzura isi.

Mu rugendo umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, arimwo i Buruseli, abamugendanira bavuze ko ibiganiro hamwe n'abandi banyamuryango ba Otan (ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya na Amerika ryo kugwaniriza hamwe umwansi) "bikomeye".

Bwana Trump amaze igihe abonana n'abakuru b'ibihugu bo mu muryango wa Buraya, UE.

Otan yemeye icipfuzo ca Bwana Trump co kuja mu runani rwo kugwaniriza hamwe umugwi wa Leta y'iki Islamu, "Islamic State" (IS)

Uwo mukuru w'igihugu ategekanya kwumvisha ibihugu vyo muri iryo shirahamwe kuriha intererano ikenewe muri iryo shirahamwe.

Abategetsi ba Buraya nabo ngo bakeneye kumenya urugero Trump yiyemeje gukorana nabo muri urwo runani.

Umukuru w'akanama k'ubumwe bwa Buraya Donald Tusk yarungitse ubutumwa kuri Twitter avuga ati: "Mfise intego yo kwumvisha POTUS [Prezida wa Amerika] ko imigenderanire y'Uburaya na Amerika itegerezwa gushingira ku gukorana mu mwidegemvyo mu kwirinda ko hogera igihe tutoba tukigenzura isi."