Ubwato bw'ingwano bwa Amerika mu kiyaga c'Ubushinwa "ata ruhusha"

Izinga Mischief Reef Ubushinwa bwubatse ririko ibirindiro vya gisirikare Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Izinga Mischief Reef Ubushinwa bwubatse ririko ibirindiro vya gisirikare

Igihugu c'Ubushinwa cidogeye Leta Zunze Ubumwe za Amerika inyiuma yaho ubwato bw'ingwano bw'ico gihugu buciye iruhande y'izinga ry'Ubushinwa, Amerika itabanje kubisabira uruhusha.

Mu makuru itangazamakuru rya Amerika ritashatse kuvuga amamuko, ubwato USS Dewey bwaciye ku birometero 22 uvuye kw'izinga Mischief Reef.

Ubushinwa buvuga ko ubwo bwato bwa Amerika bwinjiye mu mazi yabwo "ata ruhusha" igisirikare cabwo co mu mazi kibusaba kuyavamwo.

Amerika ivuga ko ifise uburenganzira bwo gusoza no gukorera mu mazi mpuzamakungu.

Ivuga ko ata ruhande yigera ijako mu mpari zerekeye ubutaka, ariko ko imaze kurungika ubwato bwa gisirikare n'indege hafi y'amazinga ari mu mpari isigura ko ifise umwidegemvyo wo gusoza no kuguruka irondera amayira akwiye.

Amerika imaze igihe yidogera ubutegetsi bwa Beijing bushaka kugabanya umwidegemvyo wo gusoza mu mazi mpuzamakungu.

Ubushinwa bwiyegekako ubumanuko bwose bw'ikiyaga c'Ubushinwa harimwo n'amazinga ibindi bihugu vyiyitirira.