Abigeme "bagizwe abagore b'abagwanyi ba Al-Shabab ku nguvu"

Igihe Salama Ali atanguye gutohoza ngo amenye irengero rya basazawe babiri mu mwaka uheze, yaguye ku bintu biteye isoni -uretse ko abahungu b'intagondwa baja kwiyunga na al-Shabab muri Somalia, abakobwa nabo barafatwa bakagigwa ku nguvu abagore b'abagwanyi.

Salama yakoze iryo tohoza mu kinyegero atinya ko mu gihe vyomenyekana ko afitaniye imigenderanire na al-Shabab, ko yohava yikekwa n'abajejwe umutekano.

Yarahuye mu kinyegero n'abandi bagore i Mombasa no mu karere vyegeranye, ahanahana amakuru ku ncuti z'abagabo babuze irengero.

"Twasanze turi benshi," niko Salama avuga.

Salama yahavuye agwa no ku zindi nkuru - iz'abagore bajanywe muri Somalia badashaka.

Abo bagore barimwo abakobwa bakiri bato hamwe n'abakuze, mu madini y'abakristiu n'aba Islamu, b'i Mombasa no mu tundi turere tw'inkengera y'ikiyaga.

Bemeregwa ko bagiye guhabwa ubuzi bw'umushahara munini mu bindi bisagara canke mu makungu, munyuma bagaca banyuruzwa.

Mu kwezi kw'icenda guheze, Salama yararonse ikarishabwenge mu vyo guhanura, aca ashinga umugwi wo gufasha abagore bagaruka mu gihugu.

Iyo nkuru yarakwiragiye, abagore batangura kumurondera ngo binjire muri uwo mugwi.

Avuga ko bamwe baza bafise abana, abandi baranduye umugera wa Sida, abandi bafise ingorane zo mu mutwe kubera ivyo baciyemwo.

Benshi baratinya kuvuga ivyabashikiye mu bantu, batinya ko bohava bafatwa nk'abanywanyi canke abakunda al-Shabab.

Mu cumba kitabona ariko amarido yuguruye, twahuye n'umugwi w'abakobwa, batwiganiye amabi babonye.

"Abagabo baraza bakansambanya - sinshobora kukubwira ingene bangana," niko umwe muribo yavuze, anyiganza umutwe.

"Muri iyo myaka itatu, abagabo bose baraje kuryamana na jewe."

"Hazanwa abagabo babiri canke batatu ku mugore umwumwe mw'ijoro," niko uwundi yavuze.

"Twarasambanywa ku nguvu kenshi."

Hari abakobwa bagigwa ku nguvu "abagore" b'abagwanyi ba al-Shabab, abandi nabo bakagigwa abaja.

Mu vyo abo bakobwa n'abandi benshi baganiriye na BBC, abashika 20 bavuga ko bari bagiriwe imbohe mw'ishamba rinini, abandi bakavuga ko babaye no mu makambi ya al-Shabab.

Uretse kugigwa abagore b'abagwanyi, ngo barasabwa kuja kurondera abandi bakobwa bazana muri al-Shabab.

Ubutegetsi bwa Kenya buremera ko hari ikibazo, ariko Evans Achoki arongoye igipolisi i Mombasa, avuga ko adashobora kwemeza urugero ico kibazo kiriko, bitewe nuko abo bagore badaseruka ngo bavuge ivyabashikiye.

Mu gihe ubutegetsi bwatanze ikigongwe ku bagwanyi bose bagarutse bakishikana bagasubizwa mu buzima busanzwe, hari amakuru avuga ko hari abagabo basubiye kubura irengero, abandi bakaraswa.

"Abantu baratinya ubutegetsi," niko Sureya Hersi wo mu kigo c'abakobwa batagira imbibe "Sisters Without Borders", ishirahamwe rigwanya ubutagondwa mu karere ka Mombasa.

"Abo bose bishikana ku bushake canke batabishaka, bose bafatwa nk'abafise ivyaha."