Inama ya G7 y'uno mwaka "ifise amahinyu menshi" ku ziheruka

Donald Trump (i buryo) yageze muri Sicile ku wa kane ku muhingamo mu nama yiwe ya mbere ya G7 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Donald Trump (i buryo) yageze muri Sicile ku wa kane ku muhingamo mu nama yiwe ya mbere ya G7

Umukuru w'akanama k'Ubumwe bwa Buraya (UE), Donald Tusk, yasavye ibihugu vy'umuryango G7 bifise amahinguriro menshi kurusha ibindi, gukora vyiyunze vyiga ingorane zihanze amakungu.

Yavuze kw'inama y'uno mwaka irimwo amahinyu menshi mu gihe igiye kwiga ibibazo bikomeye birimwo ica Syria, Ukraine n'ic'abimukira.

Uretse izo ngorane ngo hari n'izindi zitoroshe zerekeye ikibazo c'ubudandaji hagati y'abanyamuryango hamwe n'icerekeye ibidukikije.

Inama ya G7 y'iminsi ibiri ihuza ibihugu vya Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani, Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ibera mu gihugu c'Ubutaliyano muri Sicile, mu gisagara ca Taormina.

Donald Trump yitezwe guhangana bikomeye n'abandi banyamuryango ku bijanye na politike yiwe yo gukumira igihugu mu vy'ubudandaji, n'ukuntu atemeranya n'abandi ku masezerano y'ibidukikije yateweko igikumu mu gisagara ca Paris mu 2015.

Nkuko umumenyeshamakuru wa BBC ari mu gisagara ca Sicile yabishikirije, bitegekanijwe ko ibihugu bigize umuryango G7 bipfundika amasezerano ku kungene bigiye guhangana n'ikibazo c'intagondwa.

Birigira hamwe n'ingorane zihanze igihugu c'Ubuyapani kibangamiwe n'ibikogwa vya gisirikare vya Korea ya Ruguru, niko James Landale yavuze.

UE na Amerika bipfuza kuguma bagenzura isi