Abakirisu 23 bishwe mu gitero cibasiye bisi mu Misiri

Abakirisu bari mw'isengero ry'aba Coptes Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakirisu bari mw'isengero ry'aba Coptes

Niburiburi abantu 23 bapfuye abandi 25 barakomereka igihe abantu bafise inkoho bugururiye umuriro kuri bisi itwaye abakirisu b'aba Coptes mu karere ka Misiri ya hagati, niko ikinyamakuru c'igihugu cavuze.

Ico gitero cabereye mu ntara ya Minya ku birometero 220 mu bumanuko bwa Cairo, iyo bisi ikaba yarigiye ku kigo c'abihebeyimana c'i St Samuel.

Hamaze kuba ibitero vyinshi ku ba Coptes mu mezi aherutse, vyemangwa n'abagwanyi b'umugwi wa leta y'iki Islamu, Islamic State (IS)

Ibitero vy'abiyahuzi vyibasiye amasengero itariki 9 z'ukwezi kwa kane, vyahitanye abantu 46.

Ivyo bitero vyatumye Prezida Abdul Fattah al-Sisi ashinga amategeko yo mu bihe bidasanzwe mu gihugu cose, yemera ko agiye guhangana n'aba jihadistes.