Abagwanyi ba IS bageze kw'izinga rya Mindanao muri Philippines

Haheze iminsi inteko z'umutekanoarizo zigenzura izinga rya Mindanao Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Haheze iminsi inteko z'umutekanoarizo zigenzura izinga rya Mindanao

Leta ya Philippine yavuze ko agasagara ko kw'izinga rya Mindanao riri mu bumanuko bwa Philippines, katewe n'abagwanyi bavuye hanze bo mu mugwi "Islamic State" (IS).

Haraheze iminsi irenga ibiri, igisirikare ca Philippine kigaba ibitero vyo mu kirere ku gasagara ka Marawi kigaruriwe n'abagwanyi ba IS.

Ayo makimbirane yatanguye igihe abasirikare ba leta binjiye mu nzu barondera Isnilon Hapilon, arongora IS yo muri Philippines hamwe n'umugwi Abu Sayyaf.

Abo bagwanyi baciye barungikigwa ababafasha bavuye muri Malaisie na Indonésie, muri kino gihe bakaba bamaze kugira ingwati abantu 11 bo kw'isengero ry'abakatolika.

Niburiburi abantu 40 barimwo abapolisi n'abasirikare baramaze gupfa muri iyo ngwano, yatumye ibihumbi vy'abasivile bakura meza.