Icizere ca Arsenal gihagaze ku rukino rwa nyuma rwa FA

Arsene Wenger yatsinze ubwa mbere ihiganwa rya FA Cup ari muri Arsenal mu 1998 bahura na Newcastle Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arsene Wenger yatsinze ubwa mbere ihiganwa rya FA Cup ari muri Arsenal mu 1998 bahura na Newcastle

Umukinyi wo hagati w'umugwi Arsenal, Alex Oxlade-Chamberlain, yavuze ko mu gihe uwo mugwi wotahukana intsinzi muri "finale" ya FA bahura na Chelsea, ko iyo ntsinzi yozamura icizere c'abakinyi.

Arababazwa nuko Arsenal itashoboye kudugana n'iyindi migwi ya mbere ya Premier League igiye gukina muri Champions League mw'ihiganwa rikurikira, bukaba buzoba bubaye ubwa mbere mu myaka 20.

Arsenal izohura na Chelsea ku kibuga ca Wembley ku munsi wa gatandatu, Chelsea ikaba ifise intego yo gutwara igikombe ca kabiri uno mwaka.

Umukinyi Chamberlain avuga ko gukina ntutware igikombe ata gaciro bifise.

"Mu mupira w'amaguru, igihambaye ni gutwara igikombe," niko uwo mukinyi avuga.

"Ibihe birahinduka, ugategerezwa kujana n'iyindi migwi ikomeye. Ntivyakunze ko tubishikako, ntitwashobora kuja mu migwi ine ya mbere.

"Ihiganwa FA Cup rirakomeye, bikenewe ko turitsinda kandi vyozamura icizere mu gihe tugiye mw'ihiganwa rikurikira."

Ico cizere gisa n'ikiri ku rushi mu gihe bamwe mu bakinyi bakomeye, batazorugiramwo uruhara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gabriel yatwawe ku nderuzo avunitse mw'ivi mu rukino rwo ku wa Mungu, Arsenal yatsinzemwo Evertion 3-1

Umukinyi w'inyuma wa Arsenal, Gabriel, ntazokina urukino rwa nyuma rwa FA rwo ku munsi wa gatandatu, inyuma yaho agiriye imvune yo mw'ivi bahura na Everton ku munsi wa Mungu.

Uwundi mukinyi w'inyuma atazokina ni Laurent Koscielny, yahawe ikarata itukura bahura na Everton.

Nkuko atawuramenya kazoza k'umumenyereza Arsene Wenger abakunzi b'umugwi bamaze igihe bipfuza ko yogenda, ni nkuko atawuramenya neza kazoza ka bamwe mu bakinyi.

Amakuru avuga ko Alexis Sanchez na Mesut Ozil, bose bagisigaranye umwaka umwe mu masezerano bagenderako, boba barondegwa n'iyindi migwi.

Umunya Chili Sanchez, w'imyaka 28, yoba yemerewe £300000 ($384000) ku ndwi mu masezerano mashasha y'abashaka kumuha akazi, umudagi Ozil, w'imyaka 28, ngo akaba yoba yaranse kwakira £250000 ($320000) ku ndwi mu masezerano y'abamwipfuza.