Ababana bidaciye mu mategeko bazohanwa nibatabitunganya

Prezida Pierre Nkurunziza arongoye igihugu c'Uburundi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza arongoye igihugu c'Uburundi

Ubutegetsi bw'u Burundi bwasavye abagabo n'abagore babana kwubakana bicishijwe mu mategeko imbere yuko umwaka uhera bitagenze uko bakurikiranwe n'amategeko.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, Terence Ntahiraja, yavuze ko vyofasha kugenzura igwirirana ry'abanyagihugu, biyongera ku rugero ruteye amakenga mu gihugu c'u Burundi.

Yavuze ko imigenderanire itazwi n'amategeko ituma abigeme benshi b'abanyeshule batwara inda, bigatuma abagabo babana n'abagore benshi mu gihe kimwe.

Prezida Pierre Nkurunziza aherutse guhimiriza abanyagihugu kuri iyo nyifato mu gihugu cose.