Inkehwa z'aba Ogiek zatsindiye ubutaka bwazo muri Kenya

Abo banyagihugu bo mu bwoko bw'aba Ogiek ngo boba bashika 35000 mu gihugu cose
Image caption Abo banyagihugu bo mu bwoko bw'aba Ogiek ngo boba bashika 35000 mu gihugu cose

Sentare ya Afrika ifise intego yo kwubahiriza agateka ka zina muntu yafashe icemezo ko ubutegetsi bwa Kenya budakwiye gukura umuryango w'aba Ogiek ku butaka bwabareze.

Iyo sentare ifise icicaro i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ivuga ko leta ya Kenya ihonyanga agateka gashingiye ku muco wabo wo guhiga, mu kurondera kubakura mw'ishamba rya Mau.

Ivuga ko ubutegetsi bwananiwe kwerekana ingene aba Ogiek bononye iryo shamba riri muri manini cane mu karere ka Afrika yo mu buseruko.

Leta ya Kenya yisiguye ivuga ko yabakuye aho baba kugira ngo ikingire iryo shamba, bamwe mu banyepolitike bororeramwo mu nzira yo kwitungisha.

Sentare itegekanya gusohora iyindi ngingo mu mezi ari imbere, ku kungene abo banyagihugu bazoshumbushwa.