Impfungwa za Palestine zemeye gusubira gufungura

Imyiyerekano muri Libani y'abashigikiye impfungwa z'abanyepalestine bari barisonzesheje Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Imyiyerekano muri Libani y'abashigikiye impfungwa z'abanyepalestine bari barisonzesheje

Impfungwa z'abanyepalestine zirenga igihumbi ziri mu mabohero yo muri Israel, zahagaritse kwiyicisha inzara kwari kumaze indwi hafi zitandatu.

Ubuyobozi bw'amabohero muri Israel buvuga ko iyo yegereyegere yahagaritswe nyuma y'umwumvikano hagati y'ishirahamwe ritabara indembe, Croix Rouge, n'abategetsi ba Palestine.

Humvikanywe kwongera inshuro buri mpfungwa ishohora kuramutswa n'umuryango wayo.

Uburenganzira bwa muntu

Izo mpfungwa zavuze ko uwo mwumvikano ari intambwe ikomeye mu nzira yo kwubahiriza uburenganzira bwazo, hisunzwe amategeko mpuzamakungu.

Israel ivuga ko impfungwa cumi n'umunani zagomvye kujanwa kwa muganga kubera ukwo kwiyicisha inzara.

Guhagarika iyi yegereyegere yo kwisonzesha bihuriranye n'intango y'ukwzi kwa Ramazani, kurangwa n'amasengesho hamwe no kwisonzesha mw'idini rya Islam.

Soma kandi:

Abantu batatu bishwe banyonzwe muri Palestine

Amerika: Inyubakwa nshasha za Israel muri Palestine zobangamira amahoro