Ikarashishi y'amahoro mu gisagara ca Bujumbura

Ikarashishi Bujumbura Peace Run 2017
Image caption Ikarashishi Bujumbura Peace Run 2017

I Bujumbura mu Burundi habaye ikarashishi yo kwiruka yitiriwe Bujumbura Peace Run 2017, mu ntumbero yo guharanira amahoro.

U Burundi bugize igihugu ca gatatu inyuma ya Kenya na Uganda mu gutuganya bene iyo sabukuru, umuryango wa Africa y'ubuseruko (EAC) wise ''Africa Mashariki Fest'' yo gukomeza amaharo.

Image caption Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yari mu bitavye ico gikorwa

Yuruguruwe n'umukuru w'u Burundi Pierre Nkurunziza ku kibuga c'inkino Stade Prince Louis hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Image caption Abatsindiye amahiganwa y'ubwiza, Miss, mu karere ka Afrika y'ubuseruko nabo bari bitavye

Mu bayitavye harimwo aba Miss canke ba Nyampinga bo mu bihugu vya Africa y'ubuseruko, abanonotsi batandukanye bava muri ivyo bihugu nyene, ariko nta n'umwe yari yimiriwe mu banyagihugu basanzwe.

Wahitamwo kwiruka ibirometero 10, 5 canke 2, abitavye nabo bakaba baharugwa mu majana.

Image caption Abitavye ico gikorwa baharurirwa mu majana

Umujenama w'umukuru w'igihugu mu kumenyesha amakuru, Willy Nyamitwe, yavuze ko iyo sabukuru ibereye i Bujumbura ari ''ikimenyetso ko mu Burundi hari amahoro n'umutekano, bitandukanye cane n'ivyirigwa bikwiragizwa mu binyamakuru bitandukanye''.

Ku mvo z'umutekano, inzira abiruka bafata zamenyeshejwe bagira batangure kwiruka kandi zari zicungerewe cane n'abajejwe umutekano.