Islamic State yemeza ko ariyo yishe abakristu mu Misiri

Mw'ijoro ryakeye amajana y'abantu baje kugandarire abishwe na I-S Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Mw'ijoro ryakeye amajana y'abantu baje kugandarire abishwe na I-S

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wiyita Islamic State, uvuga ko ariwo wishe abakristu mu gitero co kuwa gatanu mu gihugu ca Misiri.

Abantu mirongo ibiri n'umunani barishwe igihe abitwaje inkoho barasa ibisi yari itwaye umugwi w'abakristu b'aba Copte ku kigo c'abihebeye Imana.

Mw'ijoro ryakeye amajana y'abantu baje mu kigandaro bitavye amaziko ya bamwe muri abo bishwe.

Igisirikare ca Misiri caciye kigaba ibitero vy'indege ku nkambi z'uwo mugwi mu gihugu kibanyi ca Libya.

I-S yiyemerera kuba yaragavye ibitero bitandukanye ku bakristu mu Misiri mu mezi makeyi aheze.