ONU ivuga ko abanyagihugu aribo bagorewe mu rugamba na IS

ONU ivuga ko abanyagihugu b'i Mosul bakoreshwa nk'inkinzo za I-S Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption ONU ivuga ko abanyagihugu b'i Mosul bakoreshwa nk'inkinzo za I-S

Uwujejwe ibikorwa vy'ubugiraneza vy'ishirahamwe mpuzamakungu avuga ko abanyagihugu aribo bahura n'ibibazo bikomeye mu rugamba rwo gutuza umugwi Islamic State.

Urugamba rwo kwirukana uwo mugwi w'abarwanyi ba ki Islam mu muji wa Mosul ubu rugeze ku ntambwe yarwo yanyuma.

Uwo ajejwe ivyo bikorwa vy'ubutabazi vya ONU, Lise Grande, yabariye BBC ko abanyagihugu bageramiwe kuko I-S ihohotera imiryango isanzwe ifise ibibazo vy'amazi n'umuyagankuba.

Uwujejwe igisata c'agateka ka zina muntu muri ONU yiyamirije umugwi Islamic State mu kuvuga ko ukoresha abanyagihugu nk'inkinzo y'ibitero igabwako.

Abasirikare ba Irake bavuze ko ejo kuwa gatandatu bateye intambwe ikomeye mu rugamba rwo kwirukana abarwanyi ba I-S mu burengero bwa Mosul.