ANC irihweza ikibazo c'uko Zuma yoba ashaka kwibera Dubai

Jacob Zuma ngo yoba ashaka kuva muri Afrika y'epfo akaja kwibera i Dubai Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jacob Zuma ngo yoba ashaka kuva muri Afrika y'epfo akaja kwibera i Dubai

Abakuru mu mugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, bateguye inyandiko igamije kwihweza nimba umukuru w'igihugu Jacob Zuma yokurwako icizere.

Iyo nyandiko yashikirijwe abagize umugwi nyobozi wa ANC mu nama barimwo, itinjiramwo uwo ariwe wese.

Bwana Zuma ntiyorohewe kuva aho hashiriwe ahabona ubutumwa bwa e-mail busa n'ubwerekana ko ariko arihweza kuva muri Afrika y'epfo akaja kwibera i Dubai.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu yiyamirije izo e-mail, avuga ko ari impimbano.

Jaboc Zuma ahanganye n'ibibazo vy'abamusaba gukinjura kubera ivyagiriji vya ruswa hamwe n'ukuntu atunganya ibijanye n'ubutunzi.