Amerika ishaka kubuza mu ndege cumputer zitwarwa mu maboko

Lapto zisanzwe zibujijwe kwinjizwa mu ndege zija muri Amerika zivuye mu bihugu cumi, vyinshi muri vyo akaba ari ivyo mu burasirazuba bwo hagati Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Lapto zisanzwe zibujijwe kwinjizwa mu ndege zija muri Amerika zivuye mu bihugu cumi, vyinshi muri vyo akaba ari ivyo mu burasirazuba bwo hagati

Abajejwe intwaro muri Amerika bariko barihweza kubuza kwinjirana mu ndege computer zigendanwa mu minwe zizwi nka laptop kubera umutekano.

Bashaka kubuza izo computer mu ndege zose zikora ingendo z'imbere muri Amerika kubera kwikeka ibitero vy'iterabwoba.

Uwujejwe umutekano wo hagati mu gihugu, John Kelly, yavuze ko igitero nk'ico gishoboka cane mu ndege muri iki gihe akavuga ko ashobora gushira mu ngiro uwo mugambi.

Bwana Kelly yavuze ko abakora iterabwoba barota kuba bomanura indege, cane cane yo muri Amerika, iri hejuru mu kirere.

Laptop zisanzwe zibujijwe kwinjizwa mu ndege ku ngendo ziva hanze ya Amerika ku bihugu cumi, vyinshi muri vyo akaba ari ivyo mu burasirazuba bwo hagati.