Uburusiya bwashitse kw'isoko ry'indege zitwara ingenzi

Uburusiya bushaka guteza imbere amahinguriro yabwo kubera ibihano bwafatiwe n'ibihugu vya Buraya kubera Ukraine Uwufise ububasha kw’isanamu SPA
Image caption Uburusiya bushaka guteza imbere amahinguriro yabwo kubera ibihano bwafatiwe n'ibihugu vya Buraya kubera Ukraine

Igihugu c'Uburusiya cinjiye kw'isoko ry'indege zitwara ibintu n'abantu ririmwo ihiganwa rikomeye, mu gushira mu kirere indege yaco ya mbere nk'iyo nyuma y'ibihe vy'igikomisite.

Indege yo mu bwoko MS-21, ihejeje urugendo rwayo rwa mbere rwo kuyipima, izohiganwa vya hafi n'indege za Boeing 737 hamwe na Airbus A320.

Ibifise ubushobozi bwo kugenda ibirometero ibihumbi bitandatu idahagaze, ikaba kandi itwara abantu bashika ku 200.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko Uburusiya bushaka kunagura igisata c'amahinguriro kuko butoroherejwe n'ibihano vy'ibuhugu vya Buraya kubera ikibazo ca Ukraine.

Abakoze indege MS-21 bizera ko abanyamahanga bashaka kuyigura bazoba benshi kubera izimbutse gutunga kandi bakavuga ko hamaze gutumizwaho indege 175.