Korea ya Ruguru yagerageje igisasu ca gatatu mu ndwi zitatu

Iryo gerageza ribaye inyuma y'umunsi umwe Kim Jong-un akurikiranye uburyo bushasha bwatunganijwe bwo kugwanya ibitero vy'indege Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Iryo gerageza ribaye inyuma y'umunsi umwe Kim Jong-un akurikiranye uburyo bushasha bwatunganijwe bwo kugwanya ibitero vy'indege

Igihugu ca Korea ya Ruguru cagerageje igisasu kiguruka urugendo rugereranye, ca gatatu mu ndwi zitatu.

Ico gisasu co mu bwoko bwa "Scud" cagenze 450km, imbere yuko kigwa mu mazi y'Ubuyapani bituma ico gihugu kivyiyamiriza.

Ubutegetsi bwa Pyongyang bumaze kwirengagiza kenshi ingingo ya Onu ibubuza igerageza rya "missiles" n'ibindi bigwanisho vyo mu bwoko bwa "nucléaire", bukaba bwarongereje umurindi muri ano mezi ya vuba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibisasu vyo mu bwoko bwa Scud Korea ya ruguru itunze

Ubutegetsi bwa Séoul n'ubwa Tokyo bwiyamirije iryo gerageza.

Uwurongoye igihugu c'Ubuyapani yavuze ko batazokwihanganira ako gasomborotso ka Pyongyang.

"Nkuko twavyemeranije mu nama ya G7, ikibazo ca Korea ya Ruguru kiri mu vya mbere bihangayikishije amakungu," niko umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe yavuze.

"Dukorana na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, tuzofata ingingo zibereye ngo twihanikize Korea ya Ruguru."

Muri Korea Yepfo, Prezida Moon Jae-in yagiye ku butegetsi mu kwezi guheze, yahamagaje akanama k'igihugu kajejwe umutekano ngo barabire hamwe ivy'iryo gerageza ry'ibigwanisho.