Trump yashigikiye umukwe Kushner aregwa gukorana n'Uburusiya

Jared Kushner ari mu bafasha bakuru ba Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jared Kushner ari mu bafasha bakuru ba Donald Trump

Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yashigikiye umukwe wiwe Jared Kushner ku vyo aregwa, ko yagerageje gushinga umurongo wo mu kinyegero wo kuvuganirako na Moscou.

Mw'itangazo ryahawe New York Times, Bwana Trump yakeje "akazi keza" Bwana Kushner akora.

Ntiyegeze avuga ivy'uwo mugabo yubakanye n'umukobwa wiwe mukuru Ivanka, aregwako.

Bivugwa ko Bwana Kushner yaganiriye n'uwuserukira Uburusiya muri Amerika mu kwezi kwa 12, ku kuntu hoshingwa mu kinyegero umurongo wo kuganirirako.

Ibinyamakuru New York Times na Washington Post bivuga ko yashatse kwifashisha ibikoresho vy'ubuserukizi bw'Uburusiya, kugira ngo igihugu ca Amerika ntigifate ivyo baganira na Moscou.

Bivugwa ko ivyo biganiro vyabaye imbere yuko Bwana Trump atangura amabanga yo kurongora igihugu, kuko muri ico gihe yafatwa nk'umunyagihugu asanzwe.

Amakuru avugwa muri Amerika yemeza ko abakora itohoza bazi neza ko Bwana Kushner afise amakuru y'imvaho yoshikiriza, ariko bidasobanura ko hoba hari icaha yikekwako.