Tiger Woods ngo nta nzoga yari yanyoye afashwe agendesha imodoka

Igipolisi ca Palm Beach, Florida, carungitse ifoto y'uno mukinyi wa golf Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightALAMY
Image caption Igipolisi ca Palm Beach, Florida, carungitse ifoto y'uno mukinyi wa golf

Umukinyi wa golf Tiger Woods avuga ko ata nzoga yari yanyoye igihe afatwa agendesha imodoka ku munsi wa mbere mu ntara ya Florida.

Uwo mukinyi yagirijwe kugendesha imodoka umubiri woshwa n'ibiri muri wo "Driving Under the Influence" (DUI), yavuze ko yari yabitewe n'umuti yanyoye.

"Ndategera ingene ivyo nakoze bikomeye ariko ndazi ingene ngenzura ivyo nkora vyose," niko yavuze.

Igipolisi cerekanye ifoto ya Woods, asa n'uwutamoye ubwanwa, anyarukanwa kujanwa inyuma yaho afatiwe mu gisagara ca Jupiter.

"Nshaka ngo abantu bamenye ko ata nzoga nari nanyoye. Umuti nahawe niwo wampenze," niko yavuze.

"Sinashobora kwibaza ingene uruvange rw'imiti nafashe rwashobora kungira ukuraho."

Yongeye ati: "Nipfuza gusaba ikigongwe n'umutima wanje wose umuryango wanje, abagenzi hamwe n'abakunzi. Naje ndipfuza ko bigenda neza."