Uwigeze gutwara Panama, Noriega, yitavye Imana ku myaka 83

Noriega yari ku butegetsi mu kwezi kwa cumi 1989 munyuma mu kwezi kwa mbere 1990 yarafungiwe i Miami kubera ibiyovyabwenge Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Noriega yari ku butegetsi mu kwezi kwa cumi 1989 munyuma mu kwezi kwa mbere 1990 yarafungiwe i Miami kubera ibiyovyabwenge

Umusirikare akomeye yigeze gutwara igihugu ca Panama, Jenerali Manuel Antonio Noriega, yitavye Imana ku myaka 83, niko ubutegetsi bwamenyesheje.

Noriega yaheruka kubagwa inyuma yaho abandanije avirirana yabazwe mu bwonko.

Noriega yarigeze kuba acuditse na Leta Zunze Ubumwe za Amerika munyuma akugwa ku butegetsi igihe inteko za Amerika zitereye igihugu ciwe mu 1989, aca arafungwa yagirizwa ibiyovyabwenge no kunyegeza amahera mu yandi matungo (laundering).

Yamaze igihe kinini c'ubuzima bwiwe mw'ibohero, munyuma akaba yari yagiye gupfungigwa muri Panama yagirizwa ubwicanyi, ibiturire hamwe n'ukunyuruza amahera y'igihugu.

Uwo mutegetsi wa kera yari yarekuwe mu kwezi kwa mbere yitegurira kubagwa mu kwezi kwa gatatu kubera ingwara ya cancer yo mu bwonko.

Yarabazwe ubugira kabiri kubera ko yavirirana mu mutwe, aca apfa ku munsi wa mbere mu bitaro "Santo Tomas hospital" vy'i Panama, niko umushikiranganji w'itumanako Manuel Dominguez yamenyesheje.

Prezida Juan Carlos Varela yaciye arungika ubutumwa kuri Twitter avuga ati: "Urupfu rwa Manuel A Noriega rurugaye ikigabane c'amateka y'igihugu; abakobwa biwe n'umuryango barakwiye kumushingura mu mahoro."