Iraki: igisasu cahitanye abantu mw'iduka ya "crème glacée"

Ivyo bitero vyose vyabaye mw'ijoro aba Islamu bafunze bari hanze baruhutse Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ivyo bitero vyose vyabaye mw'ijoro aba Islamu bafunze bari hanze baruhutse

Ibisasu bibiri vyatezwe mu modoka hagati mu gisagara ca Baghdad vyishe abantu 26 bikomeretsa 95, niko amakuru asohoka avuga.

Icambere cibasiye ikibanza bagurishirizamwo "crème glacée" inyuma y'isaha zitandatu zo mw'ijoro ku munsi wa mbere muri komine ya Karrada, aho abantu benshi bari mu bihe vya Ramazani vyo kwifunga bari bakoraniye.

Aba Jihadistes b'aba Sunni ba Leta y'iki Islamu "Islamic State" (IS), bavuze ko bahiga abo mu mugwi w'aba Shia.

Nta muntu aremanga igisasu ca kabiri caturitse inyuma y'amasaha make ahitwa Karkh.

Amakuru ava mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati, avuga ko abantu 11 aribo bapfuye abandi 35 barakomereka.