Al-Shabab yicishije amabuye umuntu yagirijwe ubusambanyi

Al-Shabab ni umugwi ukorana na al-Qaeda muri Afrika yo mu Buseruko Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al-Shabab ni umugwi ukorana na al-Qaeda muri Afrika yo mu Buseruko

Abagwanyi ba al-Shabab bateye amabuye umuntu gushika aho apfa inyuma yaho sentare y'iki Islamu imwagirije ubusambanyi.

Dayow Mohamed Hassan, w'imyaka 44, yahambwe kugera kw'izosi munyuma ategwa amabuye n'abagwanyi ba al-Shabab gushika acikane.

Yagirijwe kuba yagendana n'umugore yateye inda mu busambanyi kandi yari afise abagore babiri, niko umutegetsi yavuze.

Al-Shabab iratanga mwenivyo bihano mu turere igenzura muri Somalia.

Mu 2014, hari umusore yatewe amabuye gushika aho apfa, yagirijwe gufata ku nguvu umukobwa.

Mu 2008, umwigeme yarishwe muri mwenubwo buryo yagirijwe ubusambanyi.

Kuri bino vyabaye, abantu amajana bararorereye igihe uwo mugabo yicwa mu gace ka Ramo Adey mu ntara ya Bay iri mu bumanuko bushira hagati, niko Moalim Geedow, bulamatari w'ubutegetsi bwa al-Shabab muri ako karere yavuze.