Macron na Putin mu mubonano i Versailles hafi ya Paris

Bwana Macron (i buryo) aremera ko bikenewe kuvugana n'Uburusiya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Macron (i buryo) aremera ko bikenewe kuvugana n'Uburusiya

Prezida mushasha w'igihugu c'Ubufaransa, Emmanuel Macron, ari mu mubonano n'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladmiri Putin i Versailles hafi y'umugwa mukuru Paris.

Umuvugizi wa Prezida Putin, Dmitry Peskov, yavuze ko intumbero y'uwo mubonano ari ugukomeza imigenderanire hagati y'ibihugu ukwo ari bibiri.

Ngo biribonekeza ko iyo migenderanire ishobora kuba myiza kurusha ariko umumenyeshamakuru wa BBC mu gisagara ca Paris avuga ko kubona Prezida Putin yashigikiye Marine Le Pen igihe c'amatora aheruka, bishobora gutuma uwo mubonano utagenda neza.

Ku rundi ruhande abakorana na Bwana Macron bagiriza abarusiya kwabura amabanga yabo muri mudasobwa.