Bamwe mu bategetsi ba Kongo bafatiwe ibihanano n'Uburaya

Umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru, Lambert Mende, ari mu bafatiwe ibihano n'ishirahamwe rya Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru, Lambert Mende, ari mu bafatiwe ibihano n'ishirahamwe rya Buraya

Ishirahamwe rya Buraya ryafatiye ibihano bamwe mu bategetsi bakomeye bo muri leta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Abafatiwe ibihano barimwo umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, akaba n'umuvuzi wa leta, Lambert Mende, hamwe n'umukuru w'urwego rw'iperereza Kalev Mutond.

Abandi bafatwe ibihano ni Gen de Brigade Eric Ruhorimbere na Muhindo Aliki Mundos, umugaba wa brigade y'i Beni, uyu kandi igihe yagenwa umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Kongo, MONUSCO, ukaba waranse gukorana nawe.

Ivyo baregwa...

Bose bagirizwa kugira uruhara mu bikorwa vyo guhohotera abatavuga rumwe na leta hamwe no kubangamira ukwishira ukizana.

Umushikiranganji Lambert Mende muvyo yagirizwa harimwo gukumira abanyamakuru mpuzamakungu mu kubankira kuza muri Kongo.

Nayo uwujejwe iperereza, Kalev Mutond, we aregwa kuba ariwe yatovye ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro hagati ya leta n'abo batavuga rumwe, yashizweko umukono mu mpera z'umwaka uheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kongo iri mu mvururu za politike zavuye ahanini ku matora atabaye mu mwaka uheze

Ibihano bafatiwe

Bose babujijwe gufata ingendo mu bihugu biri mw'ishirahamwe rya Buraya canke biri mu gice ca Schengen.

Imitungo bafise muri ivyo bihugu, yaba amazu canke amahera mu bubiko bw'amabanki nayo yafatiriwe.

Kongo iri mu mvururu za politike zatewe n'uko amatora yagomba kuba mu mwaka uheze atabaye, ibiganiro vyahagarikiwe n'urwego rw'abasenyeri ba Gatolika navyo bikaba ata kigaraga vyashitseko.

Abatavuga rumwe na leta bamye bagiriza Prezida Joseph Kabila kudindiza amatora kugira ashobore kuguma ku butegetsi.

Nta vyinshi leta ya Kongo yavuze kuri ibi bihano, ariko umwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire yavuze ko ibi bihano Kongo yabimenyeshejwe mu nyandiko, nayo ngo ikazovyishuraho mu nyandiko nyene.