Umuyobozi w'itumanako wa Prezida Trump yatanze imihoho

Abajejwe itumanako mu biro White House ngo ntibumvikana Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe itumanako mu biro White House ngo ntibumvikana

Umuyobozi w'itumanako muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yakorera mu biro kwa prezida, White House, yatanze imihoho inyuma y'amezi atatu ahawe akazi na Prezida Donald Trump.

Mike Dubke, umu Républicain afise ubuzobere, yari yahawe akazi ngo anagure igisata c'itangazamakuru mu biro White House.

Inyuma y'ivyabaye, umunyamabanga ajejwe itangazamakuru mu biro White House, Sean Spicer, niwe azoba aragiye muri ayo mabanga, ariko harategekanijwe ikiganiro n'ibigo vy'itangazamakuru.

Iryo hinduka ngo ryoba rikurikiye umwumvikano muke hagati y'abajejwe itumanako mu biro White House.

Bwana Dubke agiye neza, nkuko ikigo Axios News, gitanga amakuru ya politike cabishikirije igihe cashikiriza ubwa mbere amakuru y'iryo kinjura.

Prezida Trump ngo yoba yarashavujwe n'uburyo ibiro White House birungika ubutumwa.