Wenger yemeye amasezerano y'imyaka ibiri muri Arsenal

Wenger atwaye igikombe ca FA Cup ca 2016-17 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wenger atwaye igikombe ca FA Cup ca 2016-17

Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger yemeye amasezerano y'imyaka ibiri yo kubandanya akora ako kazi inyuma y'imyaka 21 akurikirana uwo mugwi.

Wenger hamwe n'uwugaba umurwi Arsenal bahuye ku munsi wa mbere bihweza kazoza k'uwo mufaransa, ico kibazo gishikirizwa inama y'abayobozi ku munsi wa kabiri.

Arsenal itegekanya kubishikiriza ku mugaragaro ku munsi wa gatatu.

Aba Gunners ni aba gatanu mw'ihiganwa rya Premier League ry'uno mwaka, buba bubaye ubwa mbere badahejeje muri bane ba mbere kuva igihe Wenger afatiye uwo mugwi mu 1996.

Bahejeje amanota 18 inyuma y'abatwaye igikombe Chelsea, ariko batsinda uwo mugwi 2-1 mw'ihiganwa rya FA Cup ku kibuga ca Wembley ku munsi wa gatandatu.