Abasirikare 13 ba Sudani Yepfo bagirijwe gufata ku nguvu

Abo basirikare 13 baciribwa urubanza muri sentare ya gisirikare ya Juba Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abo basirikare 13 baciribwa urubanza muri sentare ya gisirikare ya Juba

Abasirikare 13 ba Sudani Yepfo bagirijwe gusambanya ku nguvu abakozi bo mu mashirahamwe y'abagiraneza no kwica bamwe mubo bakorana.

Iryo bara ryabereye ku mugwa mukuru Juba mu kwezi kw'indwi guheze, ryagaragaye mu cegeranyo ca Onu kivuga ko inteko za Onu zananiwe gukingira abasivile.

Ivyo vyabaye igihe inteko za gisirikare zitumvikana, zitaniye mu mitwe mu gisagara.

Uwuburanira abo basirikare avuga ko ivyo birego ari ibinyoma, niko itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga.

Iryo bara ryabereye mu karere kagenzugwa n'inyeshamba, niko yabandanije avuga.

Inzira y'amahoro yo kurangiza indyane zimaze imyaka itatu n'inusu ntiyakunze, abasirikare bashigikiye Prezida Salva Kiir bakaba batana mu mitwe n'abashigikiye uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu Riek Machar.