"Abamenyeshamakuru ba Kenya bahanzwe n'amatora yimirije"

Abamenyeshamakuru 23 barakorewe amabi kubera umwuga wabo mu gihugu ca Kenya
Image caption Abamenyeshamakuru 23 barakorewe amabi kubera umwuga wabo mu gihugu ca Kenya

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu "Human Rights Watch" (HRW) kivuga ko abamenyeshamakuru ba Kenya bashobora kugirigwa nabi mu matora ategekanywa mu kwezi kw'umunani kw'uno mwaka, niko icegeranyo kivuga.

Muri kahise ka vuba abamenyeshamakuru barishwe n'ibigo vya leta, abanyepolitike bakavuga ko bahengamira uruhande rumwe iyo basohora amakuru.

Ku bw'ico cegeranyo, HRW ivuga ko abamenyeshamakuru 23 bakorewe amabi bari mu mirimo yabo ya minsi yose, akozwe n'igipolisi, abakozi ba leta canke abantu begereye ubutegetsi.

Kivuga ko abo bamenyeshamakuru bakubiswe, baratotezwa, baranategwa n'ubwoba.

HRW ivuga ko kuva igihe Prezida Uhuru Kenyatta agiriye ku butegetsi mu 2013, ko hari abamenyeshamakuru babiri bishwe kubera akazi bakora, 16 baratotezwa bahakwa gupfa.

Abo bamenyeshamakuru bakurikiranwa iyo batohoje ku makuru nkoramutima-nk'ibiturire vyavugwa mu bakozi ba leta ku bijanye n'inzira y'indarayi yubakwa hamwe no ku makosa akogwa n'ibigo bijejwe umutekano.

Ikigo "Human Rights Watch" kivuga ko mu gihe amatora yo mu kwezi kw'umunani ariko aregereza, ko hari amakenga ko umwidegemvyo mu kuvuga ushobora kunigwa mu gihugu ca Kenya.