Burundi: Abasirikare b'intwazangabo barenga 20 birukanywe

Umukuru w'ingabo z'u Burundi akaba n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza
Image caption Umukuru w'ingabo z'u Burundi akaba n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza

Abasirikare b'intwazangabo barenga 20 birukanywe mu gihugu c'u Burundi, ubutegetsi bukavuga ko abo bari bajanywe no kwiga bahisemwo munyuma kurondera aho ubuzima busumba ubundi hanze y'igihugu.

Izo ntwazangabo zaraye zifuswe mu ngabo z'uburundi n'itegeko ry'umukuru w'igihugu zose ni 23, aba lieutenants colonels babiri, aba majors 17 harimwo abaganga batatu n'aba capitaines 4.

Ku bw'umuvugizi w'umukru n'igihugu Jean Claude Karerw Ndenzako abpo bsirakare Bose bari bagiye kubandanya ivyigwa vya master na doctorat mu Bubiligi, mu Bufaransa no muri Canada , ikiringo kigeze ko bagaruka ntibataha.

Kuva habaye kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015 hari abasirikare bagiye baratoroka canke ntibatahe bavuye mu butumwa hanze .

Haravuzwe ko hari aboba baja mu migwi yoba iriko irashingwa ngo irwanye leta, abandi bagatinya ku mutekano wabo bagarutse mu gihugu.

Ariko umuvugizi w'umukuru w'igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako avuga ko uwo mugwi waraye ufuswe ataho uhuriye n'ivyo, kuko bo ngo n'incabwenge zashatse kurondera ahari akarusho nk'uko n'abarundi bo mu yindi migwi y'akazi bahora babigira.

Igihe haheruka gufutwa abandi basirikare b'intwazangabo benshi gutyo hari mu kwa 11 mu 2015. Naho nyene bari 23, ariko bo bari mu mugwi w'abagirijwe gushaka gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu uwo mwaka nyene.