Uburusiya bwateye "missiles" ku birindiro vya IS muri Syria

Amerika, Turukiya na Israeli bamenyeshejwe ku vy'ico gitero Uwufise ububasha kw’isanamu RUSSIAN DEFENCE MINISTRY
Image caption Amerika, Turukiya na Israeli bamenyeshejwe ku vy'ico gitero

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bwavuze ko igisirikare cabwo co mu mazi cateye "missiles" zine zigurukira hafi mu bibanza vy'umugwi wa leta y'iki Islamu, "Islamic State" (IS) hafi y'igisagara ca Palmyra mu gihugu ca Syria.

Mw'itangazo bwasohoye, ubwo bushikiranganji bwavuze ko bwateye ubunyegero buri mu buseruko bw'igisagara, hari ibigwanisho bikomakomeye n'abagwanyi bimuwe bakuwe Raqqa.

Iryo tangazo rivuga ko ico gitero cagabiwe ku bwato bw'ingwano na "sous marin" biri mu buseruko bw'ikiyaga ca Méditerranée kandi ko izo "missiles" zaguye mu bibanza zari zagenewe kugwamwo. Ubwo bushikiranganji buvuga ko imbere yo kugaba ivyo bitero, ko bwabimenyesheje Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Turukiya na Israeli.