Arsene Wenger asotera igikombe ca PL c'ihiganwa riza

Arsene Wenger ahejeje gutsindira igikombe ca FA Cup 2016-17 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arsene Wenger ahejeje gutsindira igikombe ca FA Cup 2016-17

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, afise intego yo gutwara igikombe ca Premier League (PL) co mw'ihiganwa rikurikira inyuma yaho amasezerano y'akazi amwongereye imyaka ibiri.

Nta na hamwe muri ayo masezerano bivugwa ko ashobora gusezeregwa ayirangije, bigasigura ko ashobora kubandanya amenyereza uwo mugwi n'inyuma yaho.

"Ndakunda uno mugwi kandi mbona kazoza kawo n'ivyizigiro kandi numva ndabishuhiye," niko Wenger yavuze.

Arsenal itegekanya gusohora amahera angana n'imiliyoni $130 yo kugura abakinyi bashasha kuva igihe iyo soko izoba yuguruwe itariki 1 y'ukwezi kw'indwi, ariko akaba yari yakoresheje nkayo mw'ihiganwa riheze.

"Uno ni umugwi ukomeye w'abakinyi, mu gihe noba ndawongeyemwo abandi urashobora gukomera kurusha," niko Wenger yavuze ku rubuga ngurukanabumenyi rw'umugwi.

Umunyamerika afise umutahe munini muri Arsenal, Kroenke, yavuze ko intego y'aba Gunners ari iyo gutsinda ihiganwa rya Premier League hamwe n'ayandi mahiganwa akomeye ya Buraya ku mumenyereza w'umufaransa Wenger.

"Nico abakunzi b'umugwi, abakinyi, abakozi, umumenyereza hamwe n'inama nyobozi bipfuza kandi ntituzoryama tutabishitseko - Arsene niwe abereye kurusha abandi kugira ngo tubishikeko," niko yabandanije avuga.