Solheim: Amasezerano y'i Paris ku hindagurika ry'ibihe azogumaho

Bivugwa ko umwotsi mwinshi uva mu mahinguriro wonona ibidukikije Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bivugwa ko umwotsi mwinshi uva mu mahinguriro wonona ibidukikije

Umukuru w'umugambi w'amakungu ujejwe ibidukikije, Eric Solheim avuga ko amasezerano yo guhindura ingendo y'ibihugu ata co azoba, kubera Amerika isokoye muri ayo masezerano yashiriweko umukono i Paris.

Eric Solheim yabwiye BBC Ubushinwa n'Uburaya ubu bifatanye mu nda n'Ubuhinde mu gukora akazi gakomeye, ku buryo ingaruka zivuye ku ngingo iyo ari yo yose yofatwa na prezida Donald Trump, ata co zizoshikako gusumvwa uko vyari vyifashe igihe ayo masezerano yashirwako umukono mu mwaka wa 2015.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Trump arikura mu masezerano y'i Paris?

Prezida Trump wa Amerika yavuze ko azoshikiriza ingingo yiwe kuri ayo masezerano y'i Paris kuri uyu wa kane.

Ubushinwa n'ubumwe bwa buraya bariteguye gusohora itangazo bari kumwe ryo gushigikira amasezerano y'i Paris.