Ubushinwa na UE bitandukanije na Trump ku masezerano y'ihindagurika ry'ibihe

EU n'Ubushinwa bafise intego yo kugabanya bimwe biboneka ivyuka vya "carbone" imbere y'impera y'umwaka wi 2020 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption EU n'Ubushinwa bafise intego yo kugabanya bimwe biboneka ivyuka vya "carbone" imbere y'impera y'umwaka wi 2020

Ubushinwa hamwe n'abakuru b'ibihugu vya Buraya bategekanya gusohora icegeranyo ku bijanye n'amasezerano ya Paris kw'ihindagurika ry'ibihe, bakavuga ko ayo masezerano ari "ngombwa kandi ko ahambaye".

Ico cegeranyo kikiri mu nteguro cashikiriye BBC, kivuga ko hakenewe "ukwitanga kwo hejuru mu vya politike" kugira ngo ashobore gushigwa mu ngiro.

Biza gusa n'ukwiyamiriza aho Amerika ihagaze, mu gihe Preszida Trump yiteguye kumenyesha kuri uno wa kane, niba Amerika igiye kuva muri ayo masezerano.

Icegeranyo gishigikiwe na bose kizotangazwa ku mugaragaro ku munsi wa gatanu, inyuma y'inama izobera i Buruseli.

Ico cegeranyo cerekana ingorane zishobora kwaduka zitewe n'uruzuba rwiyongera.

"Umuryango w'ibihugu vya Buraya, UE, hamwe n'Ubushinwa bafata amasezerano ya Paris nk'intambwe ikomeye yashitsweko igiye gutuma amakungu yitaho kugabanya ivyuka n'ukubandanya yiteza imbere mu buryo busigaye," niko ico cegeranyo kikiri mu nteguro kivuga.

Impande zose zivuga ko zigiye kwihatira "gutunganya amapolitike hamwe n'ingingo" zo gushira mu ngiro ivyo igihugu kimwe kimwe ciyemeje mu kugabanya ivyuka vya "carbone", intego itarenga mu 2020.