Serena yoba yiteze umukobwa nkuko uwo bavukana Venus abivuga?

Serena Williams (i bubamfu) araba uwo bavukana Venus, mu rukino rwa French Open i Paris ku munsi wa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Serena Williams (i bubamfu) araba uwo bavukana Venus, mu rukino rwa French Open i Paris ku munsi wa gatatu

Umukinyi rurangiranwa wa Tennis, Serena Williams, yoba agiye kwibaruka umukobwa, niba uwo bavukana Venus atihenze.

Venus Williams asa n'uwatanze ayo makuru atavyipfuza mu kiganiro ca televiziyo, inyuma y'urukino yarahejeje rwa French Open.

Yavuze ku bijanye n'umwana yitezwe nk'umukobwa ("she" ikoreshwa ku bakobwa), atanga n'urukurikirane rw'amazina y'abakobwa yohabwa.

Serena n'umufiyanse wiwe Alexis Ohanian, ari mu batanguje Reddit, biteze umwana inyuma y'ici riza.

Venus yasohoye ayo majambo ari mu kiganiro c'amakuru ahejeje gutsinda umuyapani Kurumi Nara i Paris, urukino uwo bavukana yariko arakurikirana ku munsi wa gatatu.

"Azompamagara nka nyinabo akunda kurusha abandi," niko yabwiye umushikirizamakuru wa Eurosport, atwenga.

Yavuze ko abandi bavukana b'abakobwa bipfuza ko uwo mukobwa agiye kuvuka, yohabwa izina ry'umwe muribo.

"Twese turakunda bebe V, bebe Isha, bebe Lyn... Twese twipfuza ko urwo ruhinja rwotwara rimwe mu mazina yacu," niko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGES / AFP
Image caption Serena avuga ko abakobwa bavukana, umwe wese yipfuza guha izina ryiwe uwo mwana azovuka

Umuryango w'abo bakinyi ba Tennis ntuzi kubungabunga amabanga. Mu kwezi guheze, Serena yiyemereye ko yamenyesheje ku bijanye n'ukwibungenga kwiwe atabiteguye, inyuma yaho yihenze agashira ifoto yiwe kuri Snapchat.