Man United yoba irondera Antoine Griezmann wa Atletico

Antoine Griezmann ariko aritegurira urukino ruzohuza umugwi wiwe w'Ubufaransa na Paraguay ku munsi wa gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Antoine Griezmann ariko aritegurira urukino ruzohuza umugwi wiwe w'Ubufaransa na Paraguay ku munsi wa gatanu

Umugwi wo mu gihugu c'Ubwongereza Manchester United ngo woba uriko urarondera umukinyi w'imbere wa Atletico, Antoine Griezmann.

United iripfuza uwo mukinyi w'imbere aturuka mu gihugu c'Ubufaransa, ikaba yihweza gutanga imiliyoni 100 z'ama euro asabwa ngo arekugwe.

Ariko amakuru ava mu begereye United avuga ko Griezmann, w'imyaka 26, atariwe akenewe cane.

Imvune y'igihe kirekire ya Zlatan Ibrahimovic niyo yatumye umugwi Man United uhindura ivyo wiyumvira ko vyihutigwa, mu gihe utaruzi ingene kazoza kuwo mukinyi wo muri Suede kazogenda, amasezerano arimwo ni yarangira itariki 30 z'ukwezi kwa gatandatu.

Nta ngingo irafatwa yo kumwongera ikiringo, ariko mu gihe adashobora gukina imbere y'ukwezi kwa mbere kwo mu mwaka uza, bisa naho atazosinya ayandi masezerano.

United isa naho yoba yipfuza kurusha umusatirizi w'ukuri kurusha uwukina mu kibanza nomero 10, kuberako izi ko ifise abakinyi benshi bokina muri ico kibanza.

Atletico ntirekuriwe kwakira abakinyi bashasha imbere yo mu kwezi kwa mbere, bisigura ko batoronka ingene basubiriza Griezmann igihe yoba agiye muri rino ci.