Abimukira bo muri Afrika y'Uburengero bapfiriye muri Sahara

Abipfuza kuja i Buraya baca muri Libiya mu miduga imbere yuko bashikayo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abipfuza kuja i Buraya baca muri Libiya mu miduga imbere yuko bashikayo

Abimukira baharugwa mu mirongo baturuka muri Afrika y'Uburengero boba bapfiriye mu bugaragwa bwa Sahara inyuma yaho imodoka barimwo ipfiriye munyuma bakicwa n'inyota mu ntango z'ino ndwi.

Abarokotse barashoboye gushika mu kigwati co mu buraruko bwa Niger, bigana ingene abimukira 44 bagwiriyemwo abo mu bihugu vya Ghana na Nigeria bishwe n'inyota.

Bivugwa ko bariko baragerageza kuja i Buraya baciye mu gihugu ca Libiya.

Umukuru w'igisagara ca Agadez yemeje ico gitigiri, avuga ko abakozi bo mu muryango w'umusalaba utukura, Croix Rouge, bashitse muri ico kibanza ngo barondere amakuru y'imvaho.

Nkuko vyashikirijwe n'umumenyeshamakuru wo muri ako karere, abapfuye barimwo impinja zitatu, abana bakuze babiri hamwe n'abagore 17.