Prezida Magufuli yagabishije abatariha ikori

Umukuru w'igihugu ca Tanzania John Magufuli Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'igihugu ca Tanzania John Magufuli

Umukuru w'igihugu ca Tanzania John Magufuli yavuze ko agiye gutanguza uburyo bushasha bwo gutoza amakori ku buryo bwa "électronique" (Data Center) ngo niwo muti ku bamenyereye kutariha amakori.

Ariko aratanguza icese uwo mugambi mu gisagara ca Dar es Salaam, Prezida Magufuli yavuze ko uwo mugambi ufise intego yo kugabanya imyidogo y'abavuga ko barihishwa amakori batazi, n'iy'abavuga ko hari abatigera bariha amakori.

Yihanikije avuga ko umuntu wese ategerezwa kuriha ikori kugira ngo haboneke uburyo bwo kurangura imigambi itandukanye y'iterambere ry'igihugu.

Yahamagariye amashirahamwe atandukanye ari mu gihugu, harimwo n'ay'itumanako n'intara zose kwitaba uwo mugambi mushasha wo gutoza ikori mu buryo bwa "électronique" asigura ko ari inzira izoshikana igihugu kw'iterambere.