Igitigiri c'amahasa apfa muri Afrika kirateye ubwoba

Abana b'amahasa Uwufise ububasha kw’isanamu SCIENCE PHOTO LIBRARY
Image caption Ubushakashatsi bwerekana ko ukugerageza gukiza kurokora ubuzima bw'amahasa biri kure gusumba ubwo abandi bana.

Umwana umwe kuri batanu bavutse ari amahasa mu karere ko hasi y'ubugaragwa bwa Sahara ku mugabane wa Afrika barapfa batarashikana imyaka itanu, nk'uko biri mu bushakashatsi bushasha bwanditswe mu kinyamakuru ca Lancet.

Ubwo bushakashatsi ni ubwa mbere wo kumenyauko abana b'amahasa bapfa musi y'ubugaragwa bwa Sahara ku mugabane wa Afrika.

Ico cegeranyo kivuga ko ukugerageza kurokora ubuzima bw'amahasa kuri kure cane ugereranije no kurokora abandi bana.

Igitigiri c'abana bavuka ari umwe umwe bapfa bari musi y'imyaka itanu, caragabanutse cane gushika ku gice hagati ya 1995 na 2014.

Ku mahasa, ico gitigiri cagabanutse kuri kimwe ca gatatu.

Kwibaruka amahasa biragoye cane kuruta kuvyara umwana umwe - utanaravye igihugu umuvyeyi yibarukiyemwo.

Ukugeramirwa cane kuba ku bibarutse hakiri kare, kubibarutse abana bafise ibiro bike hamwe n'abavyeyi n'abavyeyi batakaza amaraso menshi.

Ariko ubwo bushakashatsi buvuga ko izo ngorane ziraba ibintu vyinshi, ubushobozi buke bwo kuvyaza hamwe n'ingene abana b'inzoya bafatwa mu bihugu biri musi y'ubugaragwa bwa Sahara ku mugabane wa Afrika..

Uwufise ububasha kw’isanamu SPL
Image caption Kwibaruka amahasa birakomeye cane gusumba kuvyara umwana umwe-utaravye igihugu umuvyeyi yibarukiyemwo

Mu gihugu ca Finland ari co gihugu ca mbere c'akarorero mw'irondoka kw'isi- abashakashatsi bavuga ko ku mahasa 1000 bavutse, 11 bitaba Imana imbere y'uko bashikana umwaka.

Uravye ubwo bushakashatsi nyene, ku mahasa 1000 avutse 137 baritaba Imana batarakwiza umwaka.

Hanyuma kandi amahasa 213 ku 1000 barapfa imbere yo gushikana imyaka itanu.