Global Peace Index 2017: Amahoro yariyongereye gato kw'isi gusumba mu mwaka uheze

Inuma iriko iraguruka Uwufise ububasha kw’isanamu Science Photo Library

Urugero rw'amahoro hirya no hino kw'isi rwarongerekanye incuro ya mbere kuva hatanguye intambara yo muri Syria, ariko umutekano muri Amerika waragabanutse, ibitero vy'iterabwoba birongerekana nk'uko bivugwa n'ico kigo gifise icicaro i Sydney.

Ico kigo cihweza ivyerekeye amahoro n'ubutunzi cashize ahabona ico cegeranyo ku musi wa kane igihe cari kimaze imyaka cumi.

Abashakashatsi bavuga ko ibimaze guhitanwa n'intambara vyagize ingaruka mbi ku butunzi hirya no hino kw'isi.

Basaba ko hotangwa amahera menshi mu kubungabunga amahoro.

Ico cegeranyo casanze isi yarushirijeho kuronka amahoro ibice 0,28% ugereranije n'umwaka uheze.

Ibi vyaturutse kw'igabanuka ry'ubugizi bwa nabi bukorwa n'amareta, harimwo ugusinzikaza ubuzima bw'abantu, ubwicanyi ndengerabutungane, hamwe n'igabanuka ry'ubwicanyi. Ugutenyenya kwa Amerika n'Ubwongereza gukura ingabo mu gihugu ca Afghanistan vyarashimikiweko muri ico cegeranyo.

Ariko uko vyifashe hose kw'isi si ko bimeze muri Amerika, aho ubwicanyi bwongerekanye hanyuma ubugizi bwa nabi buriyongera ku buryo bubuza amahoro abantu.

Mu gihe iterabwoba ryiyongereye i Buraya, karacari akarere kakirangwamwo umutekano kw'isi.

Igitigiri c'ibihugu harangwamwo igitigiri kinini c'abapfa bazize iterabwoba caraduze gushika ku 23. Muri vyo hakaba harimwo Danmark, Suede, Ubufaransa na Turkia.

Abashakashatsi basanze ibice 60% vy'ibihugu ubu bifise igitigiri gihanitse c'iterabwoba gusumba mu myaka 10 iheze.

Ico cegeranyo nticafatiye ku bitero vy'i Manchester mu kwezi guheze mu Bwongereza.

Muri Colombia, ihagarikwa ry'intambara hagati ya reta n'umuhari witwaje ibigwanisho wa FARC ryarafashije kugira ibintu bibe bimeze uko, na cane cane ku gitigiri c'abahitanwa n'intambara zo hagati mu bihugu, ariko ako gahengwe k'amahoro kasubijwe inyuma n'umugwi muto witwaje ibigwanisho, ELN.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugwi wa FARC waratumye ivyo biharuro vyiyongera

Syria ni co gihugu ca nyuma kitarangwamwo umutekano kw'isi muri iyi myaka itanu iheze. Imbere y'uko haduka intambara, ico gihugu cari mu kibanza ca 65. Cagiye kiramanuka muri iyi myaka cumi iheze.

Ibindi bihugu bne birangwamwo umutekano muke ni Afghanistan, Iraq, South Sudan na Yemen.

Mu turere tw'uburasirazuba bwo hagati hamwe n'uburaruko bwa Afrika ni bwo burangwamwo umutekano muke kw'isi.

Iceland ni co gihugu ca mbere kirangwamwo umutekano kw'isi, ikibanza ico gihugu kirimwo kuva mu 2008.

Ibindi bihugu bine birangwamwo amahoro kw'isi ni New Zeland, Portugal, Autriche na Danemark.