Ubushinwa na UE ngo ntaco bahindura ku masezerano ya Paris

Amasezerano ya Paris asaba ibihugu gukoresha amasoko ntanganguvu atarekura ivyuka vya "carbone" Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amasezerano ya Paris asaba ibihugu gukoresha amasoko ntanganguvu atarekura ivyuka vya "carbone"

Umukuru w'akanama ka Buraya, Jean-Claude Junker, yavuze ko Ubushinwa n'umuryango w'ibihugu vya Buraya (UE) barungikiye ubutumwa isi yose ko ata kugaruka ku vyapfunditswe mu masezerano ya Paris kw'ihindagurika ry'ibihe.

Ivyo yabivugiye mu nama i Buruseli ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubushinwa, Li Keqiang, inyuma y'umunsi umwe Prezida Trump amenyesheje ko Amerika ivuye mu masezerano yo mu 2015.

Bwana Juncker yavuze ko Ubushinwa na UE bakorana ngo isi igere aho ikoresha amasoko ntanganguvu atonona ibidukikije, kandi ko bitazosubira inyuma mu gihe bizana ivyashara, bigakwega abanyamitahe n'abashakashatsi.

Ivyo bihangange ukwo ari bibiri vyiyemeje kubungabunga ayo masezerano, co kimwe n'igihugu c'Uburusiya.

Ibihugu vy'Ubudagi, Ubufaransa hamwe n'Ubutaliyano vyiyamirije ivyo Bwana Trump asaba vyo gusubiramwo amasezerano.

Prezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yavuze ko ata wundi muti woboneka wo kugwanya uruzuba.

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije w'Ubuyapani, Koichi Yamamoto, yavuze ko Bwana Trump asa n'uwaciye akabuye k'abagabo.

Umuvugizi w'umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres, yavuze ko ingingo ya Trump iciye amakungu inkokora.

Ku rundi ruhande, aba Républicains bo ku ngazi zo hejuru hamwe n'abakora mu gisata c'ibizuku, bakeje aho Trump yashize.

Bwana Trump yisigura avuga ko ayo masezerano asa n'ayoba aje "guhana" Amerika no kwaka abanyamerika ubuzi buharugwa mu mamiliyoni.

Mw'ijambo yashikirije mu biro White House, yavuga ko yiteguriye kwumvikana ku masezerano mashasha canke akinjira mu ya kera ariko yabanje gukosogwa.

Amasezerano ya Paris asaba Amerika n'ibindi bihugu 187 kugerageza ngo ubushuhe ntibwiyongere kuri 2C (ku bipimo bibiri vya Celsius), aho bizoshoboka ntiburenze 1.5C.

Trump avuga ko amasezerano ya Paris ukwo ari muri kino gihe yotuma Amerika itakaza imiliyardi $3000 ku mwimbu w'igihugu n'ubuzi imiliyoni 6.5 mu gihe ubutunzi bw'Ubushinwa hamwe n'ubw'Ubuhindi bwoguma bwifashe neza.

Bwana Trump ntiyatanze ikirangaminsi c'ingene agiye kuva muri ayo masezerano, ariko ukwo amategeko atunganijwe, ngo ikiringo ciwe kirashobora kurangira atarabishikako.