Igitigiri c'abana bicwa n'ugucibwamwo carakorotse

Igihugu c'Ubuhindi nico ca mbere kw'isi abantu bicwa n'ugucibwamwo
Image caption Igihugu c'Ubuhindi nico ca mbere kw'isi abantu bicwa n'ugucibwamwo

Igitigiri c'abana bicwa n'ugucibwamwo carakorotse kuri kimwe ca gatatu (1/3) hagati ya 2005 na 2015, niko abashakashatsi bavuga.

Mu cigwa cakozwe n'ikigo "The Lancet" bivugwa ko kubona abantu basigaye baronka amazi meza, isuku naryo rikaba ryariyongeye, nta bana bagikunze kwandura ingwara.

Iruhande yivyo ngo hari n'incanco nshasha zagize ico zifasha.

Naho biruko, bivugwa ko ingwara y'ugucibwamwo ari iya kane yica abana kw'isi, 500000 bakaba bapfa batarakwiza imyaka itanu.

Ugucibwamwo ngo kuratuma impfu ziyongera kubera ko gutuma umuntu yandura vyoroshe ingwara y'umusonga hamwe n'agasama.