Ibitero vy'abihevyi vyahitanye abantu bane muri Cameroun

Umugwi Boko Haram wungururije ibitero vyawo mu bihugu bibanyi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugwi Boko Haram wungururije ibitero vyawo mu bihugu bibanyi

Ibitero bibiri vy'abihevyi vyahitanye abantu bane, bikomeretsa abashika 20 mw'ikambi y'impunzi iri mu buraruko bwa Cameroun.

Ico gitero cabereye mu gisagara ca Kolofata hafi y'urubibe n'igihugu ca Nigeria, cibasiye ikambi y'abataye ingo zabo kubera ibitero vy'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Boko Haram.

Ubwicanyi bumaze igihe bwiyongeye muri ako karere biturutse ku bitero vy'abagwanyi ba Boko Haram bisigaye vyibasira ibihugu bibanyi.