Itegeko rituma umwami w'abami atanga imihoho mu Buyapani

Umwami w'abami Akihito w'Ubuyapani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umwami w'abami Akihito w'Ubuyapani

Inama nshingamateka y'Ubuyapani yemeje itegeko rigiye gutuma umwami w'abami Akihito ashobora gutanga imihoho.

Umwami w'abami afise imyaka 83 kandi akitswe n'amagara, yatangaje igihugu mu mwaka uheze avuze ko yipfuza gutanga imihoho.

Ubuyapani ntibwaheruka kubona umwami w'abami atanga imihoho muri ino myaka 200 iheze, kandi nta ntegeko ribitegekanya ryariho.

Iryo tegeko rizoja mu ngiro mu ndwi iza rihejeje kwemezwa n'inama nkenguzamateka.

Iryo tegeko rifata umwami w'abami Akihito wenyene, ategekanya gutanga ingoma mu mpera za 2018, aho azoca asubirigwa n'umuhungu wiwe mukuru, umuganwa Naruhito.

Uwaheruka gutanga imihoho ni uwitwa Kokaku mu 1817.

Image caption Ingene ingoma y'ubwami y'Ubuyapani yagiye irakurikirana

xxxx