Chelsea yaronse hafi imiliyoni $200 mu gutsindira PL

Umugwi wa Chelsea uherutse gutsindira Premier League waronse hafi imiliyoni £151 (imiliyoni $194) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi wa Chelsea uherutse gutsindira Premier League waronse hafi imiliyoni £151 (imiliyoni $194)

Umugwi Chelsea uherutse gutahukana igikombe ca Premier League (PL) mu Bwongereza wahawe n'iryo shirahamwe imiliyoni $194, amahera yiyongeye 50% ku yari yatanzwe mu 2015-16.

Ihiganwa 2016-17 niryo ryabayemwo ivyashara vy'amahera menshi hagati y'ishirahamwe PL n'ibigo vy'imbonerakure (TV), vyatanze amahera imiliyardi $3 ku migwi 20 ya PL ku miliyardi $2 mu 2015-16.

Umugwi wa nyuma Sunderland waronse imiliyoni £93.471 - uba utahukanye ayarusha ay'umugwi wabaye uwa mbere mu 2015-16, Leicester watahukanye (imiliyoni £93.219)

Ayo mahera ava mu kwerekana inkino, amasezerano atandukanye y'ubudandaji hamwe n'udushimwe.